Imirwi itandukanye y’abarundi ishigikirwa mw’iterambere na Reta zunze Ubumwe za Amerika biciye ku mashirahamwe

The United States Embassy in Bujumbura is partnering  with ASSEJEBA (Association Espoir des Jeunes Batwa) to help 800 members  of Batwa community to receive identification kits so that they can enjoy all rights of citizenships. During her trip to Kayanza, January 29-30,  Ambassador Casper visited Batwa community and also met with participants in Counterpart International and CEDAC (Centre d’Encadrement et de Developpement des Anciens Combattants)  programs that are helping Burundians to achieve reconciliation. Read Ubumwe Newspaper about the visit below:

 

Imirwi itandukanye y’abarundi ishigikirwa mw’iterambere na Reta zunze Ubumwe za Amerika biciye ku mashirahamwe

Uwuserukira Reta zunze ubumwe z’Amerika mu Burundi, Ambasaderi Anne Casper yaragendeye mu gihugu hagati aho yaronse akaryo ko kuganira n’abarundi batandukanye kuvyerekeye ubuzima bwabo bwa misi yose.

Ambasaderi Casper yaratembereye imihana y’abatwa bo muri komine Muhanga mu Ntara ya Kayanza aho yakiranywe igishika cinshi cane harimwo intambo n’imvyino. Muvyari bimujanye ahanini harimwo gushigikira ibikorwa vy’ishirahamwe ASSEJEBA (association Espoir des Jeunes Batwa) rifashijwe na Reta zunze Ubumwe za Amerika mu gushikiriza bamwe muri bo bashika ku majana umunani ibibaranga; ivyo navyo akaba ari: amakarata ndangamuntu, impapuro z’amavuka, n’impapuro z’abubakanye. Ambasaderi Casper akaba yashikirije ko “ico ari igikorwa gihambaye cane kuko izo mpapuro zerekana ubwenegihugu zigahesha icubahiro kiremwa muntu”. Vyongeye, bamwe muri abo Batwa, baramushikirije ibibazo bibahanze na cane cane ubukene bw’imfungurwa n’uburaro bubereye.

Muri iyo misi ibiri hagati mu gihugu, Ambasaderi Casper yarashoboye kandi kuganira n’urwaruka rwakurikiye inyigisho zerekeye ku bumbatira amahoro n’ukwiga imyuga zitangwa n’ishirahamwe “Counterpart International” ishigikiwe na Reta zunze Ubumwe za Amerika. Baramubwiye ibintu bishika ku mutima vyerekeye ingene ubuzima bwabo bwahindutse, bakiga kwakira abandi mu budasa bwabo, bakamenya ingene bihanganira abantu badasangiye ivyiyumviro, bagashobora no kurangura imirimo yo kwiteza imbere barikumwe n’abantu bavuye mu mihingo itandukanye.

Ambasaderi Casper, yarishikiye no kuraba inyigisho zariko zitangwa n’ishirahamwe CEDAC* ku rwaruka ku vyerekeye kuba umuhuza mu matati ari mu kibano biciye mu mwumvikano. Iryo shirahamwe rikaba rikorana na Reta zunze Ubumwe za Amerika rikaba rimaze gutanga inyigisho nkizo ku rwaruka rugera ku bihumbi cumi na kimwe.

Ambasaderi Casper arangiza amenyesha ko: “igihe cose aronse akanya ko gutemberera hagati mu gihugu, yumviriza ankongera akiga ibintu bishasha ku vyerekeye ingene abarundi babayeho, ivyo bakeneye, ibibagora n’uburyo bavyifatamwo. Muri  urwo rugendo akaba yize imigani ibiri: ntazibana zidakubitana amahembe kandi ukuri gushirira mu kuyaga.”

 

Amakuru yanditswe na Louis Kamwenubusa mu kinyamakuru Ubumwe yo ku wa mbere itariki 5 Ruhuhuma 2018. Urupapuro 7