Ibimenyeshejwe bishasha bijanye n’ ihiganwa rya Visa y’umwaka 2019 muri Leta z’Unze ubumwe z’America (DV2019)

ITANGAZO

Kuwa 25 Gitugutu 2017

 

Ibimenyeshejwe bishasha bijanye n’ ihiganwa rya Visa y’umwaka 2019

muri Leta z’Unze ubumwe z’America (DV2019)

( PDF 249KB)

 

Igihe co kwiyandikisha mw’ihiganwa rya Visa DV-2019 yo muri Leta z’Unze Ubumwe z’America cari catanguye kuva itariki 3 Gitugutu carugawe kumvo z’ingorane z’ubuhinga ariko ubu zikaba zaratorewe umuti.

Abari bariyandikishije hagati yitariki 3 na 10 Gitugutu vyabaye impfagusa kandi bikaba vyaranakuwe kurutonde. Mu gihe mwoba mwararonse i numero canke ibindi bipapuro vyemeza ko mwiyandikishije hagati y’itariki 3 na 10 Gitugutu murasabwe ko mwobitabura kubera vyataye igihe.

Igihe gishasha co kwiyandikisha muri DV-2019 catanguye Kuwagatatu itariki 18 Gitugutu 2017 isaha 16:00 z’umutaga (kw’isaha mpuzamakungu) kizohera kuwagatatu itariki 22 munyonyo 2017 isaha 16:00 z’umutaga (kw’isaha mpuzamakungu). Iyandikwa rizoba muri ico kiringo niryo ryonyene rizokwemerwa kandi rikakirwa mw’ihiganwa rya Visa DV-2019.

Igipapuro co kwiyandikisha hamwe n’ibindi bisabwa kugira uwuvyipfuza yiyandikishe k’ubuntu mw’ihiganwa DV-2019 mu bisanga kumuhora ngurukana bumenyi  w’ubushikirangaji bw’imigenderanire n’amakungu muri Reta z’Unze Ubumwe z’America : usvisas.state.gov/dv/instructions.

 

MURAMENYA NEZA!

Hariho imihora myinshi ngurukana bumenyi bimenyekanisha ko bashobora kubafasha mukwiyandikisha mukwinjira muri iryo higanwa rya Visa DV-2019, mbere mu bihugu vyinshi hariho nabakora muvya ma visa bashobora gufasha mugikorwa co kwiyandikisha muri DV.

 

Naho ivyo bikorwa nuko kubafasha biriho, iyandikwa muriryo higanwa uciye kubuhinga ngurukana bumenyi niryo ryoroshe kandi atamahera bisaba kuriha. Turabasavye dushimitse kubiyandikisha bose kubikora batarinze guca kubabafasha hamwe no kuriha amahera kandi bidakenewe.

 

Igipapuro co kwiyandikisha hamwe n’ibindi bisabwa kugira uwuvyipfuza yiyandikishe k’ubuntu mw’ihiganwa DV-2019 mu bisanga kumuhora ngurukana bumenyi  w’ubushikirangaji bw’imigenderanire n’amakungu muri Leta z’Unze Ubumwe z’America : usvisas.state.gov/dv/instructions.